Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turakomeza kwiga ku kurobanura (discernement)

Uyu musi tugiye kuraba inyungu ziri mu kugir’impwemu yo kurobanura (esprit de discernement).

1. Bidufasha gutahura ubugombe bw’Imana no mu gihe bunyuranye n’ubugombe bwacu .

Itanguriro 45:4-5  Yosefu abarira bene se, at’ Enda ni munyegere. Baramwegera; aravuga, ati Ni jewe Yosefu mwene so, umwe mwaguze ngashorwa muri Egiputa. 5 c None ntimubabare ngo mwirakire kuko mwanguze ngashorwa ino: kukw Imana ari yo yatumye mbitangira imbere ngo mbe kirokora.

Impwemu yo kurobanura yatumye Yosefu atahura ko kugurishwa na bene wabo muri Egiputa bwari ubugombe bw’Imana, bituma atabashavurira, arabahumuriza yongera abagirira neza.

2. Bidushoboza kwifatanya n’Imana mu gukunda ivy’ishaka.

Yohana 11:3-6  Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye . 4 c Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana , kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.
5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro. 6 Nuko yumvise kw arwaye, asibira aho hantu yar’ ari imisi ibiri.

Yesu naho yari incuti ikomeye ya Lazaro, amaze gutahura ko indwara ya Lazaro ariyo gutuma Imana ishimagizwa biciye mu kumuzura amaze kane mu mva, yaciye ateba aho yarari naho yari yamenyeshejwe ko Lazaro arwaye.

Ntiyakoreye ku bishobisho kuko Mpwemu wo kurobanura yari kuriwe atahur’ic’Imana ishaka yifatanya n’ishaka ryayo, yemera kudatahurwa na bashiki ba Lazaro kuko yahay’agaciro ivy’Imana ishaka kurusha ivy’incuti ziwe zashaka ko amubuza gupfa.

Iman’idushoboze kurondera gutahur’ivy’ishaka hanyuma tubih’agaciro

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading