Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Turakomeza icirwa c’iyi ndwi cerekeye kurobanura.

Uyu musi tugiye kuraba ico kwakira impwemu yo kurobanura bisaba.

1. Kwakira igikorwa c’ubuntu muri twebwe.

Tito 2: 11-12  Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, 12 i butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none“.

Ubuntu butuzanira kwama twitonda, kandi ubuntu buzanana no kwakira Kristo muri twebwe kuko aza muri twebwe yuzuye ubuntu.

Yohana 1: 14  Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.

2. Kwemera guhindurwa n’ijambo ry’Imana.

Abaroma 12:2  Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba , ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.

Ijambo ry’Imana rinagur’ubwenge bwacu, rikaduha gutahur’ivy’Imana ishaka ( discerner la volonté de Dieu). Nikwo guhinduka kwiza Imana idushakako.

3. Kwemera kurerwa.

Ubuntu bw’Imana buratemba nk’amazi kandi amazi atembe amanuka. Tugomba kugira abatuyoboye mu buryo bw’impwemu kandi tukabubaha kugira ubuntu buve kuri bo butumanukira. Na Yesu yari musi y’uburongozi bw’Imana.

Matayo 17:5  Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitutu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.

Twishire mu kibanza aho ubuntu bw’Imana budushoboza kurobanura.

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

 187 total views,  5 views today

Leave a comment