Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Uyu musi turabire hamwe ivyiza biri mû kuba mû nzira ishigikiwe n’Uhoraho.

1. Tugenda tuzi ko ari inzira ishika.

Zaburi 37:23-24 Iy’ intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho, Akanezererwa inzira yiwe, 24 v Naho yotemba, ntazoshika hasi rwose, Kuk’ Uhoraho amuramira mu kuboko kwiwe.

Mû nzira duhura na vyinshi tutaba twiteze. Habamwo impanuka n’ivyago vy’uburyo bwinshi. Ariko iyo Uhoraho ari kumwe natwe, turashir’ubwoba. Naho twarwa aratuvyura, naho hoza ibigomba kutugirira nabi, araturamira kuko aba ashaka ko dushika.

2. Uhoraho agaragaza ubwizigirwa bwiwe mû buzima bw’umuryango.

Zaburi 37:25-26 Uhereye nkiri muto, none ndashaje, Ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, Cank’ uruvyaro rwiwe rusegerereza ivyo kurya. 26 w Agira ubuntu umusi ukira, akagurana abandi; Uruvyaro rwiwe rukagira umugisha.

Gushigikirwa n’Imana niwo mugisha wa mbere kuko n’abana barashikirwa n’ubwizigirwa bwayo. Kuko Imana ico yiyemeje iragishitsa.

Zaburi 132:11&12 Uhoraho yarahiye Dawidi indahiro y’ukuri, Ntazokwirahuruza: Ati Nzoshira ku ngoma yawe uwamutse mu bura bgawe. 12 Abana bawe ni bitondera isezerano ryanje, N’ivyo nzokwihanikiriza nkabigisha, N’abana babo bazokwama bari ku ngoma yawe ibihe bidashira.

Ico dukwiye guharanira imisi yose n’uko tuba mû nzira ishigikiwe n’Uhoraho. 

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading