Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Turabire hamwe insobanuro y’ubwami bw’Imana. 
Hari insobanuro nyishi abantu batanga kuvyerekeye ubwami bw’Imana. Ariko mû majambo make twofata ko ubwami bw’Imana ar’ahantu Imana igaragariza ukuganza no gutegeka kwayo. Umuntu yinjira mur’ico kibanza biciye mû kuvuka ubwa kabiri; mû kwakira Yesu nk’umwami n’umukiza w’ubugingo bwiwe; mû kuvyarwa n’Imana biciye kuri Mpwemu Yera.
Yohana 3:5 Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.”
Ubu nibwo bwami Yesu yariko abwira intumwa ziwe kugira ntibabwitiranye n’ubwami bw’iyi si.
Abaroma 14:17 Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.
N’ahacu rero ho gusuzuma ko natwe turi mur’ubwo bwami.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading