Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Turabe uturorero tugaragaza ububasha bw’ururimi. Igice ca 1
1. Nirwo Imana yakoresheje mu kurema.
Itanguriro 1:3-9 Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho. 4 Imana ibona umuco kw ari mwiza: iraheza itandukanya umuco n’umwiza. 5 Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere. 6 d Imana iravuga, iti Ni habeh’ itazanure hagati y’amazi, ritandukanye amazi n’ayandi. 7 Imana iraritazanura, itandukanya amazi yo musi y’itazanure n’ayo hejuru yaryo: biba kuno. 8 Maz’ iryo tazanure Imana iryita Ijuru. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kabiri.9 e Imana iravuga , it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno.
Tubandanije gusoma ico gice cose ca mbere c’itanguriro, ivyo tubona vyose, Imana mû kubirema yaravuze. Imana kuvuga bica birabaho.
Amaso yacu ivy’abona vyavuye ku bubasha bwo kuvuga kw’Imana, hanyuma bicika ibigaragara umuntu ashobora kwihweza.
V31a Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane
Nk’uko Imana ivyo yaturishije akanwa kayo arivyo amaso yayo yabonye, natwe ivyo twatura akenshi nivyo tubona, twiyubare.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading