Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! Turabe ingaruka nziza zo kwiyegurira Imana.

1. Bituma umuntu agira agaciro imbere y’Imana.

Yesaya 43:1-4″Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje. 2 b Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzuzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura. 3 c Kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe. Nagutangiriye Egiputa kw incungu, Etiyopiya na Seba nahahevye kubgawe. 4 Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda , ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.”

Iyo umuntu abaye inyegu y’Imana, ubuzima bwiwe buba bufis’agaciro gakomeye imbere y’Imana. Satani nta burenganzira aba akimufiseko bwo kumugira uko ashaka. Aba arinzwe bikomeye kandi yitwa umwubahwa imbere y’Imana.

2. Bituma uwo muntu aba igikoresho c’icubahiro. ( un vase d’honneur)

2 Timoteyo 2: 21″Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro , cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.”

Duhitemwo neza kwiyegurira Imana mû ntango z’uyu mwaka kugira kurabwa neza n’Imana ( faveur de Dieu) bitubeko.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading