Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu n’umusi ugira 19 wo gusenga. 

Tugiye kwirukana imivumo yose ku miryango yacu.

Abo i Galatiya 3:13-14 Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti: 14 kugira ng’ umugisha wa Aburahamu ushike ku banyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe.

Kristo ku musalaba yatwayeyo ivyaha vyacu n’imivumo yose yari kuri twebwe aca aduha kurarwa umugisha wa Aburahamu.

Birashika ugasanga mu miryango abantu bariko barwana n’imivuba y’ivyo ba sekuruza bagendeyemwo c’ubutamenya, ibimazi bahaye abadayimoni, ukubandwa, ubupfumu n’ayandi majambo mabi bagiye batura ku runganwe ruzoza.

Ariko uyu musi twibuka igikorwa Kristo yakoze co kudukurako imivumo yose, dusenge twatura ic’ijambo ry’Imana rivuga, tuvuguruze ibindi vyose vyavuzwe bibi, twakire umugisha wa Abrahamu uwo imiryango yose yo mw’isi ihererwamwo umugisha.

Itanguriro 12:3 Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ uzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izoherwa umugisha.”

Uyu musi twitirirwa Data wa twese kubwa kritso.

Abanyefeso 3:14-15 Ni co gituma mpfukamira Data wa twese, 15 uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yitirirwa

Dusengere twakira ayo masezerano ku miryango yacu.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading