Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Iman’ishimwe kubw’iri yinga ryiza dutanguye!

Tukaba tugiye kwiga ku nzira z’umuntu.

Zaburi 1: 6 Kuk’ Uhoraho azi inzira y’abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero.
 
Umuntu wese arafis’inzira afata buri musi. Iyo nzira ishobora kuba nziza canke mbi kandi imwe yose imugirira ingaruka nziza canke mbi.

Nkaba ndabifurije ko iri yinga ryotubera twese iyinga ryo kuba mû nzira zihimbaye Uhoraho ngo tubone ukuboko kwiwe muri vyose.

Imigani 16:7 Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.

Umusi mwiza n’indwi nziza! 

Pasteur Cassien NIKO 

 1,365 total views,  2 views today

Leave a comment