Shalom !
Uyu musi tugiye kurabira hamwe ibituma Imana itugumizako ukurabwa neza nayo ( sa faveur).
1. Tube abakunzi b’Imana. 😀
Yohana 15:14-15 “Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. 15 Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi , kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.“
Iyo tugumye mû kunywana n’Imana, kurabwa neza nayo kutugumako. Ivyo bituma twam’ivyamwa vyiza kandi bituma Imana itwugururira imiryango y’ijuru n’ivyo dusavye tukabironka.
V16 “Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.”
2. Tugendere mû kwera.
1 Ab’i Tesalonoke 4:3-7 “Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; 4 c kugira ng’ umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha, 5 d atari mu buryo bgo kwangaza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira; 6 e ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhozi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababuriye tubishimikiye. 7 f Kukw Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.“
Kuba umukunzi w’Imana bisaba guhitamwo kugendera mû kwera kuko Imana nayo n’iyera.
Iyo vyatugoye tukihana, tugatunga igihe cose imitima y’ukuri kandi imenetse imbere yayo.
Nuko duharanire kuguma muri faveur y’Imana kuko nico kizodutandukanya n’abandi batari abakunzi b’Imana.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien