Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba uturorero tw’abazigamye Ukwizera.

1 . Aburahamu

Itanguriro 15:5-6 Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urabe mw ijuru, uharure inyenyeri, namba woshobora kuziharura. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana. 6 e Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharurako nk’ukugororoka .

Aburahamu yarashaje be n’umugore wiwe Sara. Yiravye umubiri n’imyaka vyavuga ko bitoshoboka, Imana nayo ikamubwira ko uruvyaro rwiwe ruzongana n’inyenyeri.

Maze Aburahamu yizer’ic’Imana ivuze nayo ibimuharurako nk’ukugororoka. Akomeza Ukwizera naho ivy’abonesha amaso vyamwereka ibindi.

2. Yobu

Yobu 1: 20-22 Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga, 21 p ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’ Uhoraho ni rishemagizwe. 22 q Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.

Inyuma yo kubwirwa ko abana n’ibintu vyose yaratunze bitikiye ku musi umwe, Yobu yakomeje Ukwizera Imana ntiyaherereza amafuti ku Mana, akomeza gushemagiza izina ryiwe.

3. Yesu Kristo

Abaheburayo 12:2 dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.

Yesu ntiyagize isoni z’umusalaba kuko yagumij’umutima ku munezero yari yashizwe imbere.

Utu turorero duhejeje kuraba tutwigishe kugira natwe duharanire kuzigama Ukwizera muvyo ducamwo vyose.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading