Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba uruhara rw’akanwa n’umutima ku gukizwa.
Abaroma 10:8-10 “Ariko kwavuze gute? Kwavuze kut’ Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha. 9 g Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. 10 Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza.“
Iyo twumva ijambo ry’Imana, umutima urizera, akanwa kacu nako kagakorana n’umutima mû kwatura. Maze umuntu akakira agakiza no kugororoka.
Niyo mpavu imitima yacu dukwiye kuyirinda cane, tukayigaburira ivyiza kugira akanwa kacu kature neza! Kuko akanwa gasohora ibibogaboga mû mutima.
Luka 6:45 ” Umunyangeso nziza akura ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akura ibibi mw itunga ribi: ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga .
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO