Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba ubugombe bw’Imana ku kanwa kacu.
1. Akanwa kacu ntigakwiye kuvamwo umuvumo.
Yakobo 3:10-11 “mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo. 11 Mbeg’ iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mu mbizi imwe?“
Iminwa yacu dukwiye kuyegurira Imana, ikaba iyo guhezagira kugira Satani ntayitiza igahindukira ikaba iyo kuvumana. Aha rero tworaba ingene tuvugana n’abo tubana hafi, bamwe badushavuza canke bakaturenganya, ingene twifata.
2. Akanwa k’abakozi b’Imana gakwiye kuvamwo ivy’ubwenge.
Malaki 2:7 “Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’Uhoraho Nyen’ ingabo.“
Tube abizigirwa ku Mana kugira iminwa yacu ibe ibikoresho vyayo igihe cose.
3. Akanwa k’abana gakwiye kwuzura ishimwe.
Zaburi 8:2a “Akanwa k’abana bato n’abonka wagahaye gushimangira inkomezi zawe,“
Dusab’Imana Iminwa yacu ikore ivy’Imana yifuza gusa kugira imitima yacu nticumuzwe n’iminwa Imana yaduhaye.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO