Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kuraba isano riri hagati y’ibihe n’ishitswa ry’umugambi w’Imana.

Kuvayo 11:4-7 Mose aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Nko mu gicugu azonyuranganya hose muri Egiputa: 5 e abana b’imfura bose bo mu gihugu ca Egiputa bapfe, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ ingoma, ukageza ku mfura y’umuguranokazi w’umusyi; kandi n’ivy’ uburiza vyose vy’ibitunzwe bizopfa. 6 f Hazocura umuborogo mwinshi mu gihugu cose ca Egiputa, utigeze kubaho, kandi ntihazokwongera kuba ungana nk’uwo. 7 g Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe azogira ico aba, ar’ umuntu cank’ igitungano, haba n’uwo imbga izogwangwarira: kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho yashizeh’ itandukaniro hagati y’Abanyegiputa n’Abisirayeli.

Imana yatej’ivyago vyo kubura ikintu cose c’imfura ku banyegiputa kugira yerekane ko hari itandukaniro ryabo n’ubwoko bwa Isirayeli.

Dutahure ko mû bihe bigoye, ari igihe co gushiraho itandukaniro hagati y’Ishengero ry’ukuri n’isi.

Ishengero rifise isezerano ryo kutazunyiganyiga naho isi yohinduka.

Matayo 16:18 Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero o, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora “.

Dusab’Imana iduhe kubona ibintu nk’uko nayo ibibona no gutahura umugambi w’Imana mw’ihinduka ry’ibihe.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading