Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi tugiye kuraba ingene tugomba kwiyumvira kuvyo twibwira canke twiyumviriye.

Ivyo twiyumvira bifise amasoko abiri: ibiva ku Mana n’ibiva kuri satani. Ibiva ku Mana bitujana gushits’umugambi wayo, n’ibiva kuri satani bituma dushits’ivyiwe bibi.

Uyu musi tugiye kuraba ingene Imana ikorana n’ivyiyumviro vyacu ngo ishitse ivy’ishaka.

2 Abami 7:1 Elisa aramwishura, ati Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Uhoraho agize, ngw Ejo nk’aya mango, kw irembo ry’i Samariya, ingero y’ifu igogoretse izogurwa shekeli imwe, kandi n’ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene

Ubu n’ubuhanuzi bwaje mu gihe ab’isilayeli bari bishwe n’inzara kubwo kwugarizwa n’abasiriya. 2Abami 6:24-33 

Kugira ibishitse yakoresheje abanyamibembe.
7:3-4 Kandi har’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire? 4 d Tworamuka tugiye mu gisagara, kandi hariy’ inzara ingana irtyo, twogwayo; na ho nyene ni twapfa kwicara ngaha, n’ugupfa nta kindi. None rero ni muze twisabe ingabo z’Abasiriya; ni baduhangaza tuzobaho, na ho ni batwica, na kare kwar’ ugupfa n’ugupfa!

Iki ciyumviro cari kivuye ku Mana, bamaze kubona ingene vyifashe, ica yongera kubashiramwo iciyumviro co kuja kuvuga inkuru nziza.

7:9 Hanyuma baravugana, bat’ Ivyo tugize si vyo, kuk’ uyu musi ar’ umusi wo kuvuga inkuru nziza, natwe tukaba dupfuye kwihorera; ni twarorera ko buca, bizodusubirako. Ni muze tugende tubibarire ab’i bgami .

Bamaze kubivuga vyakiriwe neza, bituma ivy’Imana yavugishije Elisa bishika.

V 16 Maz’ abantu barasokoroka, basahura izo nsago z’Abasiriya; nukw ingero y’ifu igogoretse isigara igurwa shekeli imwe, n’ingero zibiri za sayiri zikagurwa shekeli imwe nyene, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze .

Igihe cose Imana ituganiriza biciye muvyo twiyumvira, tugatahura ko bivuye kuri yo, dukwiye guca dukora kuko ni kimwe mu nzira icamwo ngo ishits’imigabo yayo.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading