Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba ingene Imana ikoresha ivyiyumviro vy’abantu mû kurwanirira abantu bayo.
2 Abami 7:6-7 “kuk’ Uhoraho yari yatumye haza mu matwi y’ingabo z’Abasiriya uguhinda kw’imikogote n’ukw’ amafarasi n’ukw’ ingabo nyinshi, bituma bavugana, bat’ Ereg’ umwami w’Abisirayeli yahereye abami b’Abaheti n’abami bo muri Egiputa ngo badutere. 7 Nuko bafashako baratemesha aho nyene bugihwibira, bata amahema yabo n’amafarasi yabo n’indogoba zabo, basiga vyose uko vyakabaye aho bashagaje, kugira ngo banyage amagara.“
Kugira Imana itabare Ab’isirayeli aho bari bugarijwe n’abasiriya, yabateje kwumva ibitar’ivyo, ubwoba n’ivyiyumviro vyo guhunga no kubihurizako, baca barahunga, bata ivyabo vyose kugira babisigire Ab’isirayeli, ishitse ugutabarwa yari yabasezeraniye, umusi umwe imbere y’uko biba. Yari yababwiye iti”ejo nk’aya mango” V1b
Dufis’Imana idacererwa, kandi itabur’uko ibigenza. Ico duhamagarirwa n’ukwizer’ic’ivuga, iyitubwira niyo ibwira ivyaremwe vyose ( abantu n’ibintu) bikumva kandi bikumvira.
2 Ngoma 16:9a “Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.“
Witege ukurwanirirwa n’Imana muri vyose!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO