Shalom !
Uyu n’umusi ugira 17 wo gusenga.
Uyu musi tugiye gusengera indero mu miryango.
Imigani 22:6 “Toza umwana indero akwiye kwamana, Azorinda asaza atarayivamwo.“
Mu kirundi bac’umugani ngo indero iva hasi. Umwana mu muryango n’igikorwa Imana iba ihaye abavyeyi co kumurera neza nk’uko Imana ishaka, kuko umwana wese avuka Imana imufitiye umugambi, abavyeyi bahamagarirwa gusab’Imana ubwengo bwo kumushikana kuvy’Imana yamuteguriye. Dukwiye kurondera kumenya ic’Imana ishaka kubo tureze nk’uko Manowa yabikoze kuri Samusoni.
Abacamanza 13:12 “Manowa aramubaza, at’ Ivyo wavuze ni vyashika, uwo mwana tuzomurera dute? Azokora iki? “
Ikibazo, uyu musi hari ingorane nyishi mu ndero y’abana, abavyeyi benshi nta mwanya bagifise wo kwitaho abana kubw’ibibazo vy’ubuzima, indero yo kuziko ntikihari kubw’ivyo twita iterambere, ama televiziyo, ama telefone,…Mu mashure abana ni benshi ku buryo abigisha bigoye kubakurikirana, ubukene, intambara, bituma abana benshi bakurana ibikomere, bikonona kazoza kabo.
Uyu musi ube umusi wo gusengera iki kibazo c’indero kugira Imana igir’ic’ikora ihereye aho tubaye mu miryango yacu.
Hamwe umuntu wese yorondera ko impinduka itangurira ku muzingi waho abaye, tuzosanga impinduka yabaye n’ahandi.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO