Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu n’umusi ugira 37 wo gusenga. 

Tugiye gukomeza umwanya w’agacerere no kwumviriza ic’Imana ivuga ku mihamagaro yacu.

1 Samweli 3: 9-12 ni kwo kubarira Samweli, ati Genda, subira kuryama; maze ni yongera kuguhamagara, uheze umwitabe, ut’ Uhoraho, n’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi. Nuko Samweli asubira kuryama aho yar’ ari.
10 c Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi. 11 d Uhoraho abarira Samweli, ati Raba nzokora ikintu mu Bisirayeli, uzocumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi. 12 e Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.

Imana yahamagaye Samweli ishaka kumuganiriza muga akitiranya ijwi ry’Imana n’irya Eli umuherezi, incuro zibiri zose Imana ntaco yavuze, ariko amaze kuyibwira ati ndi hano n’uvuge nteze amatwi, Imana yaciye itangura kumubwira ivy’igiye gukora, abantu bose baramenye ko yabaye uwuvugishwa n’Imana.

V20 Nukw Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri-Sheba, bamenya ko Samweli yegukiye kuba uvugishwa n’Uhoraho.

Birashoboka ko nawe Imana imaze igihe ishaka kuguhagurutsa ikabura ingene ikubwira ivy’umuhamagaro wawe kuko ukiriko wumviriza ayandi majwi.

Uyu musi raba ikibanza ciza, ushire kure ivyogusamaza uyibwire ko witeguye kuyumviriza, ic’ikubwira kuvy’igushakako mû gikorwa cayo.

Mugir’umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading