Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu n’umusi ugira 39 wo gusenga. 

Tugiye gukomeza twumviriza umutima w’Imana ku vyerekeye Ishengero.

Itanguriro 6:13-14 Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi. 14 Wibazire ubgato mu biti vyitwa goferu, ubucemw’ utwumba, ubuhome ishishi imbere n’inyuma.

Igihe cose Imana iba yiteguriye guhishurira Ishengero imigambi ifise, ikarimenyesha n’ico rigomba gukora.

Ikibabaje n’uko uyu musi abantu benshi bitirirwa izina ry’Imana ata jwi ry’Imana bacumva, ivyo bakora vyose bakorera muri kamenyere nk’igihe ca Eli.

1 Samweli 3:1-3 Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane. 2 b Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe, 3 itara ry’Imana ritarazima, Samweli na we aryamye mu rusengero rw’Uhoraho, ah’ isandugu y’Imana iba,

Imana irashaka guhagurutsa ba Samweli, bateramira ubwiza bw’Imana kugira igihe cose habe kurongorwa n’ijwi ry’Imana no guhishurirwa niho Ishengero rizoba ririko riraba uko Imana irishaka mw’isi.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading