Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Tugir’ishaka ryo guha Imana ikimazi kiyihimbara. 
Zaburi ya 51:16-17 N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe.m17 q Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukengera.
Imana ntimeze nk’abantu bakorera ku biboneka! Imbere y’ivyo twoyikorera, ica mbere ikeneye ni imitima yacu, imitima y’ukuri, imitima yemera amakosa igasab’imbabazi.
Uyu niwo mutima wari muri Dawidi, kandi Imana yarawushingiy’intahe!
Ivyakozwe n’intumwa 13:22 Imukuye, ibahagurukiriza Dawidi kuba umwami wabo, imushingira intahe, iti Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’ umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose.
Iman’idushoboze kugira umwitwarariko wo guha agaciro imitima yacu kurusha ivyo dukora bigaragara imbere y’abantu. 

 

musi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading