Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Tubandanye intambuko zo kuvuka ubwa kabiri ziyongera kuzo twabonye ejo.

4. Kwakir’imbabazi z’Imana.

1Yohana 1: 9  Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.

Uwatuye yizer’Imana akizera ko amaraso ya Yesu yamwogeje ivyaha vyiwe, akakir’urukundo n’amahoro biva ku Mana. Akakira gutsindanishirizwa na Yesu Kristo.

5. Guhindukira

1 Ab’i Tesalonike 1:9  Kuko bose bivugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima ,

Uwumaze kwakira guharirwa ivyaha aca ahindukirir’Imana. Aheba inzira yarimwo y’ivyaha no kunezereza Satani, agahindukirir’Imana kugira abe ariyo arondera kunezereza muri vyose. Niyo nsobanuro y’ukuri yo gukizwa.

6. Gukomeza inzira yo gukura no kwezwa.

Iki gikorwa gica mû kwakira ijambo ry’Imana buri musi no kuryumvira. Mur’ico gihe haba gukura no gucika umuntu w’Imana ashitse yavutse ubwa kabiri.

2Timoteyo 3: 16-17Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: 17 n kugira ng’ umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.

Ikindi kiba ni Kwezwa. Ijambo ry’Imana niryo ritweza.

Yohana 17:17   Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.

Ikibazo wokwibaza uyu musi: Mbega vy’ukuri narakijijwe canke nahinduye idini?

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading