Shalom!
Turangize iri yinga twibukanya ko Yesu, umutabazi wacu, ariwe Omega, niwe afise ijambo rya nyuma kuri vyose.
Ivyahishuriwe Yohana 1:4-8 “Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo, 5 e no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, uganza abami bo mw isi.
Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe, 6 f akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen. 7 g Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abamucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.
8 i Jewe ndi Alufa na Omega h, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.“
Yohana kubw’ihamwa, bamutaye mû ngunguru yuzuy’amavuta y’umuriro ntiyasha, yamuta mw’izinga rya patimo ngo apfireyo, Yesu amusangayo amubwira ko ariwe Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo, amukoresh’ibikomeye ku mashengero yo muri Aziya nk’uko tubibona aho yahishuriwe ivy’iherezo.
Uyu musi utubere umusi wo gushima ko uwudutabara ariwe afise ijambo rya nyuma ku buzima bwacu, ku bihe, no ku kintu cose codushikira!
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO