Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu n’umusi ugira 40 wo gusenga. 

N’umusi wo kwiha akamo k’intsinzi.

Yosuwa 6: 15-16 Maze ku musi ugira indwi, bazinduka mu gaturuturu, bazenguka ico gisagara nk’uko bahora, bashitsa ibihetangabo ndwi: kur’ uwo musi ni ho bakizengutse gushikana indwi. 16 Maze ku muzenguko ugira indwi, ba baherezi bakiriko baravuza za nzamba, Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwihe akamo, kuk’ Uhoraho abahaye iki gisagara.

Uyu musi utuber’umusi wo kusubiza amaso inyuma kuva ku musi wambere, ivyo twasengeye, turabe ibikiduhagaze imbere nk’ibisika vy’i Yeriko.

Ku mugoroba tuze kurangiza umusi twiha akamo imbere y’ivyo vyose bigisigaye, tubibwira ubukuru bw’Imana yacu nka kumwe Dawidi yegera Goriyati amubwira ubukuru bw’Imana ya Isirayeri.

1 Samweli 18:45-47 Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye. 46 r Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana; 47 s kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.

Mû gushira hejuru ubukuru bw’Imana yacu nico dukwiye kurangirizako amasengesho kandi nk’uko inzitiro z’i Yeriko zasenyutse niko n’ivyo bisigaye biza gusenyuka imbere yawe winjire mû masezerano yawe.

Yesaya 43:19-21 Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse. 20 o Ibikoko vyo mw ishamba bizonyubaha, bo n’imbgebge n’ibisiga vyitwa imbuni, kuko ntanze amazi mu bugaragwa, ngatembesha inzuzi ahagadutse, kugira ngo nnyweshe abantu banje, bamwe natoranije, 21 p Abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO 

Loading