Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Iman’ishimwe iduhaye iyinga rishasha. Duhawe ayandi mahirwe yo gushitsa icatumye tubaho.

Iri yinga nkaba ndabifurije ko ryoba iyinga ryo kwakira uguhumurizwa n’Imana!

Yesaya 41:10 :”ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.

Nimba ihumure ryose rinezera kandi uwuritanze ashobora kunanirwa, irivuye ku Mana rikwiye kuduter’umunezero ukomeye kuko Imana itabesha kandi itananirwa.

Ivyotuma dutinya iki gihe ni vyinshi, ariko Imana itwemereye kubana natwe nta mvo yo kubandanya dutinya kuko Imana ntigenzurwa n’Ibihe, igenzura ibihe, ntihindurwa n’Ibihe, ihindura ibihe! 

Ico dubamagarirwa n’ukuyizera no kwakira  isezerano ryayo tukarigendera. 

Yesaya 41:13 Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.

Mugir’iyinga ryiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading