Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!   

Muze duhimbaze Imana kubw’iri yinga ritanguye.
Iri yinga rikaba ari iyinga ryo gukomoza umunezero w’agakiza. 
Zaburi 51:12 Unkomorere umunezero w’agakiza kawe; Unshigikirishe umutima ushize icira.”
Agakiza ni ” ugukira no kubohoka” Délivrance et libération “. Umukristo afis’agakiza ni uwakize urubanza rw’icaha akakira umwidegemvyo ku buja bw’icaha.
Uwaronse aya mahirwe akabitahura yamana umunezero n’amashimwe kuko aba azi aho yavuye, n’uwahamukuye agaharanira imisi yose kugumana imigenderanire myiza n’Imana. Ibi rero kugira umuntu abishobora nta handi avoma inkomeze atari mu munezero w’agakiza!
Dusab’Imana iri yinga ridusubizemwo inkomezi ziva mu munezero w’agakiza kugira twubake imigenderanira mishasha n’Imana. Imana iriteguye kubidukorera natwe twitegure kwakira.
Yesaya 12:2-3 Ehe raba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje. 3 b Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.

 

Umusi mwiza n’iyinga ryiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading