Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Yesaya 53:7  
Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ ukumwagazi w’ intama ujanwa mwibāgiro, canke nk’ ukwintama itekerereza imbere y’ abayikemura, ni kwatākūyek’ umunwa.

1. Ijambo ry’Imana ritubwirako isezerano rya kera cari igitutu ngo civyari bigiye kuza, kandi mwese muraziko iyubonye igitutu bisigurako icokintu kiba kirahonyene hafi. Kera batanga ibikoko bikicwa amaraso yavyo agafuka ivyaha vyabantu ariko ntivyakuraho burundu ivyaha vyabo

2. Yesu Kristo, ivyamubayeko kuva afatwa agatwarwa mubacamanza gushika abambwe vyagereranwa nazantama zatarwa rwivyaha vyabantu bifukwe. Ariko Imana ishimwe kwariyo yatangiye isi yose ikimazi kimwe ibihe vyose, catumye ivyaha vyacu twese bikurwaho burundu imbere Yayo.

3. Halelua, mwene data. Yaremeye gucuranguzwa kubwawe, Yemeye kubabazwa bikomeye kubwawe, Yemeye kudakurako umunwa ngo yisigure naho yar’ umunyakuri kubwawe, yemeye gutsindwa nurubanza kubwawe, yemeye no kwicwa kubwawe. Kuberiki Imana yakoze ivyo?

ISENGESHO: MANA, NDAGUSHIMIYE KO WATANZE YESU KRISTO RWAPFE KUBWANJE. NDAGUSAVYE MURIYI PASIKA UMPISHURIRE URURUKUNDO WANKUNZE KUGIRA NSHOBORE KUBA ICO WIFUJE. MWIZINA RYA YESU KRISTO. AMEN  


Isaiah 53:7  

He was pressed close, and he was grieved, yet he opened not his mouth. He was led like a sheep that is led to the slaughter; like a sheep before its shearers that has become mute, he also did not open his mouth.

The word of God tells us that the Old Testament is like a shadow of what was to come. When you see a shadow, you can only assume that there is a shadow in the vicinity. Before, we used to make animal sacrifices and the blood that was shed was used to forgive some sins, not all of them.

The way of the Cross of Jesus Christ until he was crucified is comparable to the sheep that were killed so that the blood shed could be used for the forgiveness of sins. But thank God that He gave a sacrifice once and for all for all the sins of the past, present and future.

Dear brother, Jesus accepted to be mistreated for us, He accepted to suffer for us, He did not want to defend Himself even if He was right, all because of us. He accepted injustice for our sake and was willing to die for us. Why did God accept this?

Prayer:
Lord, I thank you for giving Jesus Christ to die for us. Easter reveals to us the Love manifested for us so that we may live your life in the Mighty Name of Jesus Christ.

Amen.  

 

IMANA IBAHEZAGIRE  
PASTEUR DIEUDONNÉ NDUWIMANA

Loading