Shalom !
Mbega umushinge mwiza ukwiye kuba umeze gute?
Umushinge mwiza wubakira kuri Kristo ariwe jambo w’Imana.
Yohana 1:1-4 “Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana. 2 b Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere; 3 c vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we. 4 d Muri we harimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.“
Uyu musi kwubaka kuri Kristo ni ukwubakira kw’ijambo ry’Imana yadusigiye ryanditswe muri Bibiliya. Iyo turisoma tukaririmburako, ijambo rirengera kuba inyuguti rikaba umutsima w’ubuzima. Iyo turishize mû ngiro, bisa no kuduza impome z’inzu.
Izo mpome nizo zidufasha kuguma duhagaze naho ibihuhusi n’imifunda vy’ubuzima vyotuzako ( ivyago, ingorane, ibibazo, …). Ibi vyose bisanga turahantu dusa n’abihishije.
Zaburi ya 91:1-4 ” Uba mu bgigobeko bg’Isumba vyose Azokwama ari mu gitutu c’Ishobora vyose. 2 b Ndabgira Uhoraho, nt’ Ur’ ubuhungiro bganje n’igihome kinkingira, Imana yanje nizigira. 3 c Kukw ari yo izogukiza umutego w’umutezi, N’ikiza gihonnya.4 d Izokubundikira mu moya yayo,Kand’ uzohungira musi y’ivyubi vyayo;Ukuri kwayo n’inkinzo n’icuma co kwikingiriza.“
Duhe agaciri gushira mû ngiro ijambo ry’Imana kuko nikwo kuri tukubera inkizo mur’ibi bihe bitoroshe.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO