Shalom!
Mbega ukwizera n’iki?
Abaheburayo 11:1 “Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.“
Umuntu yizigira ibitaraba. Kandi bisaba kubanza kubimenya rwose, ukimatanya navyo kandi ntubikekeranye na gatoya, ukabinezerererwa ko arikwo kuri.
Uru nirwo rugezo iyo umuntu arugezemwo ashobora guter’intambwe agakora yisunze ukwo kuri n’ugushira amanga yiyumvamwo.
Daniyeli 3:16-17 “Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo. 17 e Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi .“
Iyi misore itatu yarumva neza idakekeranya ko Imana uko bayizi ishobora kubakiza mw’itanure ry’umuriro kandi niko vyagenze kuko Imana yari ku ruhande rwabo banse kuyivako ngo bunamire igishushanyo.
V27 “Maz’ ivyegera vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utashoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utababutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako .“
Iyi niyo nsobanuro y’ukwizera, aho duha akaryo Imana ko kugaragaza ivyavurwa bitabonwa, abantu bakabibona neza vyabaye.
Dusenge Imana tube mur’abo bantu Imana igaragarizamwo ibikorwa nk’ivyo mur’iki gihe.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO