Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Mbega n’ibiki bikwega ubwiza bw’Imana?
1. Uguhimba no gutazira bikora ku mutima w’Imana.
Ivyakozwe n’intumwa 16:23-26 Bamaze kubakubita inkoni nyinshi, babashira mw ibohero, babarira umurinzi kubarinda cane. 24 Na we abariwe artyo abashira mu nzu yo hagati, arobeza amaguru yabo mu mpatane z’ibiti. 25 Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva, 26 isi ica inyiganyiga cane giturumbuka, bituma amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga, ako kanya inzugi zose ziruguruka, iminyororo ya bose iradohoka .
Pawulo na Sila bari baboshwe nabi, amaguru yabo ari mû mpatane z’ibiti kandi bariko bararenganywa.
Ariko mur’ivyo bihe, bahimbaza Imana bongera barasenga. Ukwo guhimbaza kwakoze ku mutima w’Imana iramanuka, isi iratigita, inzugi ziriyugurura, iminyororo irabavako.
Dusabe Imana iduhe uguhimbaza no gutazira bikora ku mutima wayo kuko bikwega ubwiza bwayo aho turi.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading