Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Mbega Imana itwihishurira gute?

Shalom!
 Mbega Imana itwihishurira gute?

Abaheburayo 1:1-4Kera Imana yabaririye ba sogokuruza mu kanwa k’abavugishwa na yo mu bihe vyinshi no mu buryo bginshi, 2 a mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi. 3 b Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru: 4 c amaze kuba uhambaye kurusha abamarayika, nk’ukw izina yarazwe rirengeye ayabo.

Uyu musi dukeneye kumenya Imana turondere kwigira kuri Kristo kuko yabaye umuntu 100% kandi ari Imana 100%.

Niwe gukayangana kw’ubwiza bw’Imana n’ishusho ya kameremere kayo.

Kristo nawe uyu musi yihishura biciye mw’ijambo ry’Imana yadusigiye.

Yohana 1:1-3Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana. 2 b Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere; 3 c vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.

V14Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.

Twiteho inzira Imana yahisemwo ngo tuyimenye kugira turushirizeho kuyizera!

Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO