Shalom!
Kuber’iki iri yinga rikwiye kuba iry’umunezero?(igice ca 4)
5. Yesu yazanye impiduka mû masengero.
Mariko 1:21-28 “Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mw isinagogi kw isabato, arabigisha. 22 r Batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’ufise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe. 23 Uwo mwanya mw isinagogi yabo har’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye, arasemerera, 24 s ati Duhuriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana. 25 Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. 26 t Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n’ijwi rirenga, imuvamwo. 27 Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira. 28 Inkuru yiwe ica ikwira hose mu gihugu cose c’i Galilaya kihakikije.“
Ni yesu yazanye ukwigisha kurimwo ububasha, ukwigisha kunyuranye n’ukw’abanyebwenge b’ivyanditse.
Ingorane zihari uyu musi n’amakoraniro yo mû madini n’amashengero atarimwo ubuzima bw’Imana. Uwukenewe ni Yesu kugira azane impinduka.
Ayo madini/ amashengero, abajayo baboshwe baguma mû kubohwa, ariko aho Yesu ari abantu barabohoka v26.
Aho Yesu ari haba ibitangaza kuko Yesu yitwa Gitangaza.
Yesaya 9:6 “Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.“
N’uyu musi Yesu azana ubuzima aho butari kandi yitwa Gitangaza!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO