Shalom!
Kuber’iki iri yinga rikwiye kuba iry’umunezero ? ( igice ca 3)
3. Kwakira Yesu ni kwakira ububasha.
Yohana 1:11-12 “yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibamwakiriye. 12 j Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,“
Uyu musi tur’abana b’Imana kubwo kwakira Yesu, kumuha ikibanza mû mitima yacu no kumureka akaganza mû kubaho kwacu.
4. Yesu muri twebwe azana ubuntu bugeretse ku bundi.
Yohana 1:14-17 “Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri. 15 m Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Uza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. 16 n Kukw ibibogaboga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi. 17 o Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.“
Guha ikibanza Yesu kuzanana no kwakira ivyiza bibogaboga muri we, tugahazwa n’ubuntu bwiwe bwinshi kuko Kristo yuzuye ubuntu n’ukuri.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO