Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

 Kuber’iki iri yinga rikwiye kuba iry’umunezero( igice ca 2)

2. Yesu yaje ar’umuco wirukana igitutu c’urupfu.

Matayo 4:13-16 Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali, 14 n ngw ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana bishike, 15 ngw Igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali, Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, I Galilaya h’abanyamahanga, 16 Abantu bari bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kand’ abari bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo.

Mû bikorwa vya mbere Yesu yakoze kwari ukugendera ibihugu vya Zeburoni na Nefutali kugira amagorwa y’ubwoba bamamwo kuber’abansi babo ahere. Ahari hagerereye urupfu, habeho ubuzima n’ivyizigiro vya kazoza.

N’ubu Yesu aracazana ivyizigiro ku bugarijwe n’ubwoba bw’ejo habo. Reka umuco wiwe urasire imiryango yacu  idushitseko amasezerano yo kugirirwa neza!

Malaki 4:2 Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading