
Kuber'iki dukeneye kuyimenya?
Shalom!
Kuber’iki dukeneye kuyimenya?
1. Kugira tuyizere.
Yesaya 43:10-13“Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we : nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma. 11 h Jewe, jewe nyene nd’ Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe. 12 Ni jewe nabitangaje, ni jewe nakijije, ni jewe nabimenyekanishije, kandi nta yindi mana yariho muri mwebge: ni co gituma ari mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, kandi ni jewe Mana. 13 i Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikure mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza?“
Gutahura ic’Imana iri bikomeza ukwizera kwacu no kuyizigira.
Ukwizera nakwo kugaragarira mû nyifato tugira imbere y’ibibazo canke ingene twitwara mû buzima bwacu bwa misi yose, bihesh’icubahiro Imana twizeye.
Ikibazo twokwibaza uyu musi: “Mbega ubuzima bwacu buragaragaza ko twamenye Imana ic’iri kandi tuyizeye?“