Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Kuber’iki dukeneye kuyimenya ? Igice ca 4  
4. Kugira turushirize kugirirwa ubuntu imbere y’Imana.
Kuvayo 33:13 None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe .”

Uko dukomeza kumenya Uhoraho niko dukomeza gutahura igikorwa c’Ubuntu. Ico gikorwa naco kiri mû gutahura igikorwa ca Kristo.
Niyo mpavu hageze ko Uhoraho yiyereka Mose yamushize mû gitandara.
V21 Uhoraho arongera aravuga, at’ Ehe raba, harih’ ahantu hafi yanje, nawe uz’ uhagarare ku gitandara;
Ico gitandara naco cari Kristo wo mw’isezerano rishasha.
1 Ab’i Korinto 10:4 bose bagasangira vya vyo kunywa vy’impwemu. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara cari Kristo
Reka natwe turangize iri yinga twakira ukundi gushasha ku buntu buri Kristo ngo turushirize kumenye Uhoraho.

Kuvayo 33:19 Uhoraho aramwishura, at’ Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’ Uhoraho nd’ imbere yawe; kandi nzogirira ubuntu uwo nzobugirira, ngirire n’ikigongwe uwo nzokigirira.

Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading