Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Kuber’iki dukeneye kuyimenya ? Igice ca 3: 
3. Kugira tuyihe icubahiro kiyikwiriye.
Daniyeli 3: 27-28 Maz’ ivyegera vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utashoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utababutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako. 28 k Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.
Imana yabanye na Shaduraka, Meshaki na Abedunego mw’itanure ry’umuriro ntibasha ntihababako n’akarangu k’umuriro kuri bo.
Ibi vyatumye Nebukadineza atanga itegeko ko ata yindi Mana ikwiye gusengwa atariyo Mana y’abo bagabo batatu kandi ubwambere yari yibaza ko ata mana yobakura mû kuboko kwiwe v15″…. mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?”
Imana yacu n’Imana ikomeye, igituma kenshi tutayiha icubahiro kiyikwiriye n’uko tutayizi.
Isengesho ry’uyu musi: ” Mpa amaso Mana yo menya uwo uriwe kugira ndaguhe icubahiro kigukwiriye”

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading