Shalom!
Kuber’iki dukeneye kuyimenya? Igice ca 2:
2. Kugira dushikame.
Daniyeli 11:32b ” arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye .”
Mû bihe bigoye tugenda turacamwo, ikidushoboza gushikama n’urugeze tuba tugezeko rwo kumenya Imana.
Kuko Imana ni urukundo kandi kubayikunda ibishika vyose bifataniriza hamwe kutuzanira ivyiza.
Abaroma 8:28 “Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk’uko yabigabiye.“
Iyo dufise muri twebwe ukumenya nk’uko biduha gushikama ku buryo atacodutandukanya n’urukundo rw’Imana.
Abaroma 8:38-39 “Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi, 39 cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.“
Ikibazo twokwibaza uyu musi: Mbega turazi Imana ku buryo atacotunyiganyiza?
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO