Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Umusi ugira 6 wo gusenga.  
Kuber’iki dukeneye gusenga no kwisonzesha? Igice ca 5. 
5. Niyo nzira yo kunesha kamere.
Ab’i Galatiya 5:16-26 Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza. 17 k Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba. 18 l Ariko namba murongorwa na Mpwemu, ntimuganzwa n’ivyagezwe. 19 m Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke, 20 gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikeba, kwitandukanya, ibice, 21 n igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibaburiye, nk’uko nabibaburiye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana. 22 o Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, 23 p ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza. 24 q Kand’ aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza. 25 r Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu. 26 s Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.
Urugamba rwa kamere turuneshesha gusenga no kwuzura Mpwemu Yera.
Ico twomeye n’uko umuntu igihe cose adakora ivy’ashatse. Kuko Mpwemu na kamere bihiganirwa muri twebwe. Uruhara rwacu tumeze nk’abacamanza bizo nguvu zibiri, uwo twemereye niwe atuganza. Kandi ukuganza kw’ivyo bibiri twabonye ibiheza bikagaragara. Ivyo kamere yama n’ivyo Mpwemu yama.
Uyu musi dusenge kugira Mpwemu Yera aganze mû buzima bwacu nikwo kubamba kamere n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza kuko arivyo bidukwiriye nk’abakristo
V24 Kand’ aba Kristo Yesu babambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.

 

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading