Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!
Umusi ugira 3 wo gusenga. 
Kuber’iki dukeneye gusenga no kwisonzesha ? Igice ca 2.
2. Niyo nzira ituma ivyari bibi ku buzima bwacu bihinduka.
1 Ngoma 4:9-10 “Yabesi yarusha icubahiro bene nyina; kandi nyina yamwise Yabesi, kuko yavuze, ati Namushikanye bingoye. 10 Yabesi atakambira Imana y’Abisirayeli, at’ Icompa ukampa umugisha, ukungura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira, ukandinda ivyago, singorwe! Nukw Imana imuha ivyo yasavye.
Yabesi yatakambiy’Imana ngo imuhindurire ubuzima yar’arimwo Imana yumva ugusenga kwiwe.
1 Samweli 1:10-11 Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane, 11 h asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni waraba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.
Hana yatakambiy’Imana ababaye kubw’ubugumba bwiwe no kubaho ubuzima bwo gucokorwa na Penina mukeba wiwe.
Ugusenga kwiwe kwatumye Imana imanuka imukiza ubugumba ahari umubabaro Imana ihashira indirimbo.
1 Samweli 1:20 Igihe kiragera, Hana asama inda, avyara umwana w’umuhungu, amwita Samweli, ati Kuko namusavye Uhoraho.
1 Samweli 2:1″Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’Uhoraho; Akanwa kanje kasamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.
Imana yahinduye ubuzima bwa Yabesi na Hana niyo Mana yacu. Irashobora gose guhindura ubuzima bwacu, ahari umubabaro hakuzura umunezero.
Ico dusabwa ni ugusenga.

 

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading