Shalom!
Umusi ugira 5 wo gusenga.
Kuber’iki dekeneye gusenga no kwisonzesha ? Igice ca 4.
4. Niyo nzira yo kugaruza ivyacu Satani yivye.
1 Samweli 30:3-8 “Nuko Dawidi n’abantu biwe bashitse kur’ ico gisagara, ni kwo gusanga bagituriye, kand’ abagore n’abana babo b’abahungu n’abakobga bajanywe ar’ inyagano. 4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we baraturikisha, bararira, gushitsa aho batakibasha kurira. 5 b Kand’ abagore ba Dawidi bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili yahora ari muka Nabali w’i Karumeli, na bo bari bajanywe ar’ inyagano. 6 c Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bavuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bari n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi ariremesha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.
Dawidi agarukana ivyanyazwe
7d Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki; ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi. 8 e Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabaka vyose.“
Dawidi n’ingabo ziwe bari buzuye umubabaro mu gihe basanga Abamaleki babatwaye abantu bose bari Sikulagi harimwo imiryango yabo.
Mur’uko kubababara Dawidi yarasenze Imana imwemerera kubakurikira no kubagaruza, kandi Imana yarababagarukaniye.
V18-19 “Dawidi yigarukanira ivyo Abamaleki bari banyaze vyose, arokora n’abagore biwe bompi. 19 j Ntihagira ico babura, ari gito ari kinini, ar’ abana b’abahungu cank’ ab’ abakobga, ar’ ico mu nyagano canke mu vyari vyasahuwe; Dawidi abigarukana vyose.“
Uyu musi reka natwe desenge kugira tugaruze ikintu cose Satani yoba yaratunyaze mu buzima bwacu : Ingabire, amasezerano, karangamuntu yacu yo mu Mana( identité spirituelle), ukuvurwa neza (bonne réputation), ikibanza cawe mu kibano canke mu muryango,…..
Mu gusenga Imana irakwereka ico gukora kandi ni wagikora ivyo wanyazwe birakugarukako vyose!
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO