Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Kube’iki dukwiye guha agaciro ijwi rya Mpwemu yera akorana n’impwemu yacu? 
1. Mpwemu Yera aba muri twebwe ntaho twomuhungira!
Zaburi 139:7-12 Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe?Canke nohungira hehe mu nyonga hawe? 8 g Noduga nkaja mw ijuru, uriyo: Nokwisasira i kuzimu, eh’ uriyo. 9 Nokwabira amababa y’umutwenzi, Nkagerera ku mpera y’ikiyaga; 10 h Aho na ho ukuboko kwawe kwohandongorera,
Ukuboko kwawe kw’i buryo kwohamfatira. 11 i Nokwibgira, nti N’ukuri umwiza ugira unyubikizeko,
N’umuco unkikije uhinduke ijoro; 12 j N’umwiza na wo ntugira ico woguhisha, Ariko mw ijoro habona nko ku murango; Umwiza n’umuco kuri wewe ni bimwe.
Kuba mû buzima bwo kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera niyo nzira y’amahoro yo mû mutima.
Umuntu yohunga ikimwirukako, ariko ikimwirukamwo ntaho yogihungira.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading