Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turashim’Imana kubw’iyi ndwi nshasha dutanguye.

Iyi ndwi tugiye kurabira hamwe ibanga ryo kuzigama ukwizera.

2 Timoteyo 4:7 narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.”

Ukwizera n’ikintu gikomeye mû buzima bw’umukristo ku buryo agutakaje aba adasubira guhimbara umutima w’Imana.

Abaheburayo 11:6 kand’ utizera ntibishoboka kw ayihimbara ; kuk’ uwegera Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impera abayirondera.

Dusab’Imana idutahuze iri banga kuko tugeze mû gihe na Yesu ubwiwe yagizeko amakenga kuvyerekeye ukugumana ukwizera

Luka 18:8 Ndababgira yukw izorubacira vuba. Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’ azosanga ukwizera mw isi ?

Dusab’Imana iri yinga dusobanukirwe iri banga.

Umusi mwiza n’indwi nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading