Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ivyiza biri mû kwamamaza inkuru nziza ya Yesu Kristo. 
1. Biraduhindura ubwacu.
Uvyakozwe n’intumwa 11:22-26 Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya. 23 i Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanura bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu. 24 j Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu. 25 k Avayo, aja i Taruso kurondera Sauli, 26 l amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa Abakristo.
Barunaba uko yakomeza kuba mû gikorwa co kwamamaza Kristo, niko ubwiye vyamuhindura, agira imico myiza, abaho yuzuye Mpwemu Yera .
Ukwo guhinduka kwiwe kwatuma abantu benshi bagwirirana mû kwizera Yesu kuko ivyo barunaba yavuga vyari bihuye n’uko ameze.
Eka mbere kubw’inyifato abo muri Antiyokiya bari bafise niho batanguye kwitwa abakristo kuko basa na Kristo.
Muze natwe tube abakristo batavyitwa ku mazina ariko bavyitwa kuko dusa na Kristo nivyo bizohindura benshi.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading