Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba ivyerekana k’umuntu ariko agendera mu muco w’ijambo ry’Imana.

1. Ibikorwa vy’umuco.

Abanyefeso 5:8-9  kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco, 9 kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.

Uwugendera mu muco w’ijambo ry’Imana, ingeso ziwe zirabigaragaza. Nico gituma na Yesu yahaye agaciro ivyamwa vyacu( ibikorwa) kurusha amajambo tuvuga. Matayo 7:15-16a  Mwirinde abigira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi. 16 k Muzobamenyera ku vyo bama .”

2. Gukunda umuco.

Yohana 3: 20-21   Kuk’ ukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21 Arik’ ukora ivy’ ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.

Ikibazo twokwibaza uyu musi   : mbega ivyo nkora nobijana ku muco nezerewe?  

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading