Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! Turashim’Imana idushikanye kur’uyu musi witirirwa izina ryayo tugifis’inyota yo kuja gukoranira hamwe n’abandi

Yohana 4:40-42  Maz’ Abasamariya baje ah’ ari, baramwinginga ngw agume i wabo ; asibirayo kabiri. 41 Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko biyumviye ijambo ryiwe; 42 umaze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twiyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.”

Abasamariya bamaze kuza aho Yesu ari, bariyumviye ubwayo amajambo ava mû kanwa ka Yesu, banezererwa no kubana nawe, bongera baramwizera!

Uyu musi tuje mû ngoro y’Imana twiteze kwumva no kwizera kuko Yesu arafis’ic’agomba kutubwira cokomeza ukwizera kwacu. Natwe tugende dushobora kumushingir’intaha ko twahuye nawe kandi umuntu wese afis’ico bazinanyeko na Kristo mû buzima bwiwe, ku giti ciwe, nico kigaragaza ko wamusangij’ubuzima bwawe!

Umusi w’Imana mwiza!  

Loading