Shalom!
Isano riri hagati y’ubuntu no kwumvira.
Tito 2:11-14 “Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, 12 i butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none, 13 j twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza, 14 k yatwiguze kugira ngw aducungure, adukurekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.“
Ubuntu bwazananye n’ukwumvira kwa Kristo kuko muri we ariho twaronkeye agakiza. Ubuntu bw’Imana buca bushirwa ku nganji, buhesh’umuntu wese yizeye ubugingo budashira.
Abaroma 5:21 “kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.“
Ico duhamagarirwa n’ukwumvira kugira ubuntu bw’Imana budukorere.
Yesaya 1:19 “Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu.”
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO