Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

 Isano riri hagati yo kwiyegurira Imana no gutazira.

1. Kwiyegurira Imana n’igikorwa co gutazir’Imana ( acte d’adoration)

Luka 1: 38 Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. Maz’ umumarayika ava ah’ ari, aragenda.

Iki gikorwa Mariya yakoze co kwemera umugambi w’Imana ku buzima bwiwe, ni igikirwa co gutazir’Imana, yerekanye ko ayubashe, ko ivy’Imana ishaka biza imbere y’ivyo ubwiwe yashaka, ko Imana ariyo yambere yo kunezereza imbere y’uwaramukoye Yosefu kuko yahaswe kumubenga.

Matayo 1:18-19 Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gurtya: nyina Mariya yar’ akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera. 19 Ariko Yosefu, umugabo wiwe, kukw ar’ umugororotsi, kandi kukw atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho .

2. Kwiyegurira Imana niyo mpamvu yo kubaho kwacu.

Luka 1:38b Maz’ umumarayika ava ah’ ari, aragenda.

Mariya amaze kwaturisha akanwa ko yemeye umugambi w’Imana, Malayika yaciye agenda. Bisobanuka ko ico yari yatumwe yarahejeje kugishikako. Mariya yarahejeje gutora ikibazo gikomeye anezereza umutima w’Imana. Icakurikiye, umutima wa Mariya Imana yawujuje amashimwe.

V46-47 Mariya aravuga, at’ Ubugingo bganje butazira Umwami Imana, 47 Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:

Imana idushoboze kuyiyegurira twaman’amashimwe mû kubaho kwacu.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading