Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Turashim’Imana iduhaye gutangur’iyinga dukomeye. 

Iri yinga tugiye kwiga kukwiyegurir’Imana ( la consécration).

2 Abo i Korinto 8: 1-5 Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe. 2 Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buherwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo. 3 Kubgabo baratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye, 4 b badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n’abagaburira abera. 5 Kandi si nk’uko twabiziga gusa, ariko babanje kwitanga biha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’ukw Imana yagomvye.

Nk’uko ab’i Makedoniya bakoze, imbere yo kwitanga mû bikorwa vyo gushigikira igikorwa c’Imana babanje kwih’Imana ubwabo.

Kandi biragaragara ko arivy’Imana igomba v5. Iyo habaye kwiyegurir’Imana, umuntu ashigikira ibikorwa bindi vyoroshe, kuko Imana y’urukundo kandi ariyo nyene Rukundo imusunikira kwitangir’abandi anezerewe nk’uko Kristo nawe yatwitangiye.

2 Abo i Korinto 8:9 Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.

Ndabifurije ko iri yinga ryodushikana twese gusubira kwiha Imana imbere yo kwitanga kubw’ibindi bikorwa vyo gushigikira igikorwa cayo.

Umusi mwiza n’indwi nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading