Shalom!
Twakirane umunezero iyinda rishasha.
Iri yinga tugiye kwiga guha agaciro umugambi w’Imana.
Kuvayo 14:13-16 “Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murabe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi. 14 i Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa.
15 Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende. 16 j Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi.“
Mose yari mu gihe gikomeye, Farawo n’ingabo ziwe bari inyuma y’Abisirayeli, aba nabo bari mû kwidodomba, Mose n’ubwo yabaremesheje, imbere y’Imana umutima wiwe wari wuzuye amarira ataboneka imbere y’abantu ariko aboneka imbere y’Imana.v15.
Icagiye kumuremesha n’uko Imana yamubwiye umugambi ifise wo gucisha Abisirayeli mû kiyaga mû buryo butangaje no kwihesh’icubahira kuri Farawo n’imikogote yiwe. V16-18″Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi. 17 Nanje raba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe. 18 k Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.”
Imbere y’amarira ufise mû mutima abantu batabona ariko aboneka imbere y’Imana, iri yinga Imana ikugenderere, ikumenyeshe umugambi mwiza igufiseko maze utangure kuwugenderamwo kuko niwo ufise agaciro kuruta ivyo ubona uyu musi bituma urira!
Umusi mwiza n’iyinga ryiza!
Pasteur Cassien NIKO