Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Twakirane umunezero iyinga rishasha! 
Iri yinga tugiye kurimbura ku rukundo rw’Imana.
1 Yohana 3:1-3 Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye. 2 b Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba ukw ari. 3 Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.
Imana yaraseruye urukundo rwayo mu gutanga umwana wayo kubwacu.
Urukundo rwose rurakirwa canke ntirwakirwe. Abakiriye urukundo rwayo bahawe ububasha bwo gucika abana b’Imana mu kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza w’ubugingo bwabo.
Yohana 1:12 Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,
Dusab’Imana iri yinga rize rirangire twasubiye guhishurirwa ukundi gushasha uru rukundo rw’Imana ku buryo dusubira guhingurwa narwo, rukatwuzura, rukatuganza, ivyo dukora vyose n’ivyo tuvuga bikaba ibisunitswe n’urwo rukundo rw’Imana!

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading