Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Twakirane umunezero iyinga rishasha. 
Iri yinga tugiye kurabira hamwe icazanye Yesu mw’isi nk’uwatumwe n’Imana. 
Luka 4:16-19 Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome. 17 i Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,18 ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe,Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza:Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe,N’impumyi ko zihumuka,No kubohora abanywagutse imitima,19 j No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.
Yesu yaje avuga umugambi w’Imana wo guha akaryo umuntu wese guhinduka ku giti ciwe  no guhindura abantu muri rusangi.
Icazanye Yesu mw’isi iri yinga tuze tucihererezeko kuko umwe wese amaze kwemera guhinduka no kuba nk’uko Imana ishaka, ivy’Imana ishaka bizoba biriko biraba kw’isi maze izina ryayo rishemagizwe.
Matayo 6:10 Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru .

Umusi mwiza n’indwi nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading